Sheï

isôko

Health FR ↓ Odcinki: 9

Kaze mu kiganiro isôko, aho duhuriza ivyiyumviro kugira tumenye twongere dutahure ibijanye n'amagara yo mu mutwe. Mu kibano cacu birasa nk'ivyibagiwe ariko reka tube mubavyibuka, kandi bavyibutsa abandi. Mbega amagara yo mumutwe niki?biraba nde?twoyitaho gute? ni bimwe mubibazo tuzogerageza kurabira hamwe mu kiganiro isôko. Kaze wongere utumire abandi.

Koniecznie odwiedź stronę podcastu i wesprzyj twórcę: podcasters.spotify.com

Autor

Sheï

Kategoria

Health

Strona podcastu

podcasters.spotify.com

Ostatni odcinek

15 cze 2026

Gdzie słuchać?

Podcasty w aplikacji Replaio Radio Już wkrótce

Podcasty trafią do aplikacji już wkrótce. Zainstaluj teraz i jako pierwszy zobacz nowe podejście do podcastów

Pobierz z Google Play Zainstaluj za darmo Android 5 mln+ pobrań · ocena 4,8 iOS niedługo

Odcinki

EP 08 : Kuba umuvyeyi mumahanga 15.06.2026

Uyu musi bakunzi bo kw'Isôko tuza kuganira kuvyerekeye kuba umuvyeyi mu mahanga. Hamwe kure ata muryango, incuti, abagenzi canke abakozi bagufasha misi yose. Mbe birashoboka ko umuntu yitegurira ubwo buzima? Ni gute umuntu yovyitegurira? Kaze tuganire, dufashanye gukura no gukira! Tugire amahoro!

Tuyage ku magara yo mu mutwe iyo hari indwara ugendana 04.02.2026

Amahoro neza bakunzi bo kw'Isôko! Uyu musi twaganiriye n'umuvyeyi afise indwara agendana kuva akiri muto. Yatubwiye uko twofata abagwaye haba mu kibano canke mu muryango avukamwo. Mwumvirize ikiganiro liryoshe cane twagiraniye, mwongere mugisangize abandi. Murakoze cane

EP-06 Agahinda 12.12.2025

Amahoro bakunzi bacu, Mbe muramaze guca mu gahinda? Muramaze kubana n'umuntu ari mu gahinda? Mwavyifashemwo gute? Uyu musi twaganiriye ku gahinda nuko twoba hafi abariko baragacamwo. Umviriza nawe ugire ico wiga nico uterera. Tugire amahoro

EP-05 Twoherekeza gute uwabuze uwiwe? 02.12.2025

Yambu neza bakunzi bo kw'isôko, Uyu musi naganiriye n'umutumire wacu k'uburyo twoba hafi uwabuze uwiwe muri ako kanya ka hafi. Imico yacu nk'abarundi iratunze cane kandi ni myiza, ariko mbega burya vyose tubikora neza? Twagerageje kubica irya nino namwe muratubwira ico mwibaza. Mugire amahoro!

EP-04 Mbega Isôko yavuye he? 16.10.2025

Yambu neza bakunzi bacu, Mu kiganiro cuno musi muza kumenya vyinshi kuwugirisha ikiganiro. Niwe abazwa utubazo, twumve ico yiyumvira kuvyerekeye amagara yo mumutwe, aratuganirira gato ivyo yabayemwo, niyo iciyumviro ca Isôko cavuye. Kaze, tuyage, dukurire kandi dukirire hamwe!

EP - 03 Kumenyera ubuzima bwo mu mahanga nk'umunyeshure 05.09.2025

Ndabaramukije cane bakunzi bo kw'isôko, Mbe muri mwebwe hari abagiye kwiga mu mahanga? Mwabigenjeje gute ngo mumenyere? Uyu musi umutumire wacu aratubwira uko wewe vyamugendeye. Uko yari yateguye ubuzima bwiwe ashitse mu mahanga siko vyagenze. Reka tumwumvirize, bitwigishe. Mugire amahoro!

EP - 02 Amajambo dukura twumva adufasha gute? 28.08.2025

Tugire amahoro bakunzi bo kw'isôko, Mu kiganiro c'uno musi tuza kuganira kuvyerekeye agaciro k'amajambo abavyeyi babwira umwana mukumurera. Umutumire wacu atubwira uko abavyeyi biwe bamureze n'ingaruka nziza uno musi abona vyagize mu buzima bwiwe nk'umuntu akuze. Bitwubake, bitwigishe.

EP 01 - Kumenya ko ugwaye no kurondera kwivuza 11.08.2025

Amahoro neza bakunzi mutwumviriza, Muri kino kiganiro ca mbere co kw'isôko twashimye kuganira ivyerekeye amagara yo mu mutwe muri rusangi. Twaronse umutumire atubwira uko yakuze nuko yagerageje kwivuza no gukira. Twizera ko biza kugira ico bibafashije nico bibasigiye. Ntimwitinye murashobora kutubwira uko mwavyumvise, muzoba mukoze cane. Mugire amahoro y'Imana!

EP 0 - Introduction 17.07.2025

Amahoro neza bakunzi mutwumviriza, Kaze kw'isôko, ikiganiro gishasha kivuga ibijanye n'amagara yo mu mutwe muri rusangi. Tugiye kuza turaganira twongera tuganiriza abafise intahe zerekeye amagara yo mu mutwe (santé mentale). Mudufashe gusangiza abandi kino kiganiro, muzoba mukoze! Murakoze cane kutwumviriza.

Słuchaj podcastu isôko w Replaio

Radio i podcasty w jednej aplikacji - za darmo, bez zakładania konta. Zainstaluj już dziś i nie przegap premiery

Pobierz z Google Play

Replaio nie jest wydawcą podcastów; nazwy audycji, okładki i audio należą do ich autorów i są rozpowszechniane przez publiczne kanały RSS