William Guillaume Muringa
Kerebuka
Iyi Podcast ifise intumbero yo guhimiriza abantu ngo bakerebuke, bazingurure amaboko biteze imbere. Iratanga udu tips na tricks ingene umuntu abigenza.
Auteur
William Guillaume Muringa
Catégorie
Site du podcast
Dernier épisode
7 déc. 2023
Où écouter ?
Les podcasts dans l'appli Replaio Radio Bientôt disponibleLes podcasts arrivent très bientôt dans l'appli. Installe-la dès maintenant et découvre en avant-première une toute nouvelle façon de vivre les podcasts
Épisodes
Episode 11: ❇️ Wogwanya gute gusamazwa n’ibisayangana (shiny object syndrome) ? 07.12.2023 20:02
Iyi shiny object syndrom ni ingorane iza iyo umuntu aguma asamazwa n'ikintu cose gishasha kije agaca ata ico yariko arakaora. Bigatuma adaheza ivyo yatanguye kandi ntashike ku ntumbero yihaye.
Episode 10: ❇️ Ntube umurorerezi mw'iterambere ahubwo ube umukinyi (don't be a spectator in your own economy)! 28.11.2023 18:06
Ntube umurorerezi mw'iterambere, ba umukinyi kubera ivyo gukora ntibibuze!
Episode 9: ❇️ Urashaka gutangura kwikorera usezere umukoresha wawe (ditch your 8 - 4 job)? 21.11.2023 15:53
Nimba ufise indoto zo kwokorera ariko ukaba ukorera uwundi muntu, hariho ibintu utegerezwa kwitegurira.
Episode 8: ❇️ Ibimenyetso 5 vyerekana ko umuntu yifatiwe n’akayo - Screen addiction (cyberdépendance) 14.11.2023 18:07
Iyi episode yerekeye ibimenyetso 5 vyerekana ko hageze ko umuntu agabanya umwanya akoresha kuri telefone yiwe canke ibindi biyo. Navyo ni nkibi: kudasinzira neza, kumeneka umutwe, amaso atukura....!
Episode 7: ❇️ Ibintu 7 vyokwitwarika ku mutekano wawe kuri internet- online safety (securité en ligne) - Irinde phishing! 01.11.2023 28:26
Umutekano wawe kuri internet urahambaye. Abahacker bakwivye birashobora kukugiranko ingaruka mbi. Muriyi episode, harimwo ivyo ukwiye gukora bijannye na information pesonnelle zawe, password, phishing., VPN...
Episode 6: ❇️ Vyoba bibujijwe ko abakirisu bagira business (Faith driven entrepreneurship)? 24.10.2023 18:08
Hari abantu bibaza ko umukirisu agize business aba yitayeho ivyo kwisi gusumba ivyo mw'ijuru. Ariko sivyo, ikibi si amahera, ingorane iba iyo uyagize umwami wawe, akagutwara umutima ukayarutisha ibindi bintu vyose. Kubera turakeneye amahera yo kubaho ngaha kwisi umwanya tutarahj́a mw'ijuru.
Episode 5: ❇️ Tahura ingorane ya analysis paralysis (paralysie d'analyse)-kunanirwa gufata ingingo! 17.10.2023 18:44
Ingorane ya analysis paralysis canke kunanirwa gufata ingingo, umuntu aba ayifise iyo akoresha inguvu n'umwanya urenze ariko ararondera amakuru ajanye n'umgambi wiwe. Mu nyuma bikamunanira kwidecida , umwanya ukamuherana ataco akoze (indecision/inaction).
Episode 4: ❇️ Ni gute twogwanya impostor syndrom (syndrome de l'imposteur)- gutinya kwitwa umuswaganyi? 10.10.2023 16:56
Impostor syndrom ni gutinya ko abantu bakwita umuswaganyi, ni gutinya gukora imigambi kubera utinya ko abantu bazohava bakwita umubeshi, ngo ivyo ukora ntavyuzi. Ubwo bwoba twobugwanya gute?
Episode 3: ❇️ Woba uzi ingene internet ikora? 03.10.2023 21:20
Internet yarahinduye ubuzima bwacu, woba uzi ingene ikora?
Episode 2: ❇️ Imvo 3 zisigura igituma side hustle (activité secondaire) ikenewe! 26.09.2023 14:45
Side hustle ariyo ntegabizoza irakenewe cane, iyo umuntu arwaye canke hagatera ikiza aca yiokora ku kantu ko ku ruhande. Kandi gatuma umuntu yitegurira pension neza.
Podcasts similaires
Replaio n'est pas éditeur de podcasts ; les noms des émissions, les visuels et l'audio appartiennent à leurs auteurs et sont diffusés via des flux RSS publics